Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Abami bo kw’isi basambanye bakongera bagasangira na co ubutunzi bwaco, nibabona umwotsi wo gutongorwa kwaco, bazokiririra bongere bakigandarire.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:9
24 Referans Kwoze  

Bongera barasemerera bati: “Haleluya! Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose.”


Kuko amahanga yose yanyoye ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco burenze urugero. Abami b’isi bose basambanye na co, kandi abadandaza bo kw’isi batungishijwe n’ibikayangana vyaco vyinshi cane.”


Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”


Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Cishize hejuru, cibera mu bikayangana; none nimucishure imibabaro n’ivyago. Cirata mu mutima kiti: ‘Nganje nk’umwamikazi; sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera ngandara.’


Na yo abapfakaye bakiri bato, ntuzobashire kuri urwo rutonde. Kuko ukwipfuza kw’umubiri kwabo kwohava kubarengera bakava mu kwiyegurira Kristo bakagomba kurongorwa.


None rero nzomuterera ku gitanda c’imibabaro, kandi n’abasambana na we nzobatera imibabaro myinshi, kiretse bihanye bakareke ibikorwa vyabo bibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite