Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nimucishure ivyo cakoreye abandi, mugikorere incuro zibiri ivyo cakoze. Nimwuzuze igikombe canywesherejeko abandi inzoga iboreza incuro zibiri kurusha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:6
21 Referans Kwoze  

Ca gisagara gikuru gica cigaburamwo gutatu, ibisagara vy’amahanga birasenyagurika. Maze Imana yibuka ivyaha vya Babiloni igisagara gihambaye, ica ikinywesha ku gikombe cuzuye umuvinyu w’uburake bwayo buteye ubwoba.


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.


Alegizandere umucuzi yarambabaje cane. Umwami Imana amwishure ibihwanye n’ivyo yankoreye.


Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite