Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 18:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 18:1
8 Referans Kwoze  

Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.


Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari basutse ivyago indwi, aranyegera ambwira ati: “Ingo ndakwereke igihano kizohabwa wa mumaraya ahambaye, aganje ibiyaga vyinshi.


Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Wa mumarayika arambarira ati: “Kubera iki utangaye? Reka ndagusigurire ibinyegezwa vy’urya mugore n’ico gikoko agenderako gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite