Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wa mumarayika arambarira ati: “Kubera iki utangaye? Reka ndagusigurire ibinyegezwa vy’urya mugore n’ico gikoko agenderako gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Umumarayika arambaza, ati N’iki kigutangaje? Ndakubgira akabanga k’uriya mugore n’ak’ igikōko agenderako gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:7
6 Referans Kwoze  

Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Kuko ubushobozi bw’umugararizo n’ubu buriko burakorera mw’ibanga, kandi buzoguma gutyo gushika ikimutangira kivuye mu nzira.


Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite