Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:6
12 Referans Kwoze  

Basheshe amaraso y’abera bawe n’abavugishwa bawe, none ubahaye amaraso ngo banywe. Ni yo mpera bakwiriye.”


Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’


amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite