Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:3
26 Referans Kwoze  

Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”


Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.


Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.


Wa mugore aca ahabwa amababa nk’ay’inkona nini kugira ngo agurukire mu kibanza yateguriwe mu bugararwa ngo ahamare imyaka itatu n’igice agaburirirwayo, kure ya ca kiyoka.


Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko ibandanya urugendo inezerewe cane.


Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika impuzu yindi itukura,


Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu masenge y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.


bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama, gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite