Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kuko Imana yashize mu mitima yavyo gushitsa ivyo ishaka, bizokwemeranya guha ububasha bwavyo ca gikoko, gushitsa amajambo y’Imana ashikijwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:17
28 Referans Kwoze  

Ariko umumarayika w’indwi niyavuza inzamba yiwe, imigambi ihishijwe y’Imana izoca ishitswa, nk’uko yayimenyesheje abakozi bayo ari bo bavugishwa na yo.”


Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.


Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.


Abo cumi bose bafise intumbero imwe kandi bazoha ca gikoko ububasha n’ubushobozi vyabo.


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.”


Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze.


Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Nuko Satani yinjira muri Yuda Isikariyote, umwe muri bamwe cumi na babiri,


Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite