Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 17:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 17:16
17 Referans Kwoze  

None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago: urupfu, ikigandaro n’ikigoyi. Kizotongorwa n’umuriro, kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


kugira ngo murye inyama z’abami, abagabisha b’ingabo, abahambaye, amafarasi n’abayagenderako, n’inyama z’abantu bose, abagurano n’abidegemvya, abakuru n’abato.”


Batanu muri bo baratembagajwe, umwe araganje, uwundi ntaraza, ariko niyaza, inganji yiwe izoba iyo umwanya muto cane.


Umumarayika wa gatandatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu ruzi runini Efurata, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo abami bo mu buseruko baronke aho bacisha ingabo zabo.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite