Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Abantu bose baturirwa n’ubushuhe buteye ubwoba; baca batuka izina ry’Imana yo ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ariko ntibihana ivyaha vyabo ngo bagaruke ku Mana bayihe icubahiro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:9
20 Referans Kwoze  

Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.


Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”


Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite