Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:7
11 Referans Kwoze  

kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro.


Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite