Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:5
18 Referans Kwoze  

bavuga bati: “Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose, wewe uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye, ugashiraho inganji yawe.


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”


Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Uwa gatatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu masoko y’inzunzi n’ay’imigezi, aca ahinduka amaraso.


Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye.


Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite