Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:14
33 Referans Kwoze  

Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi ya nyuma abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.


hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.


Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.


“Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.


Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Kuza kw’uwo mugarariji, kuzogaragazwa n’ibikorwa vya Satani, n’ubushobozi bwo gukora ibimyenyetso n’ibitangaza kugira ngo azimize abantu.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”


Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.


kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo urashitse, kandi nta wushobora kuwuhangara.”


Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.


Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite