Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 16:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 batuka Imana yo mw’ijuru kubera imibabaro yabo n’ibisebe vyabo, ariko ntibihana ivyaha bakoze ngo bagaruke ku Mana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 16:11
20 Referans Kwoze  

Abantu bose baturirwa n’ubushuhe buteye ubwoba; baca batuka izina ry’Imana yo ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ariko ntibihana ivyaha vyabo ngo bagaruke ku Mana bayihe icubahiro.


Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba.


Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.


Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite