Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 15:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 15:1
21 Referans Kwoze  

Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga agacinyizo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.


Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende, musuke uburake bw’Imana buri mu nzavya indwi kw’isi.”


Wa mumarayika aca abangurira umuhoro kw’isi, asoroma inzabibu, azisuka mu bwato bw’uburake bw’Imana.


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Ico cari icago ca kabiri kirangiye, ariko ica gatatu cagira gishike.


Hanyuma aca arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe yivuga. Asemereye, haca humvikana amajwi y’imituragaro indwi.


Ba bamarayika indwi bafise inzamba baca baritegura kugira ngo bazivuze.


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari basutse ivyago indwi, aranyegera ambwira ati: “Ingo ndakwereke igihano kizohabwa wa mumaraya ahambaye, aganje ibiyaga vyinshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite