Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:5
20 Referans Kwoze  

Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa,


Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”


Kuko: “Umuntu wese ashaka ubugingo no kubona imisi myiza, narinde ururimi rwiwe kuvuga ikibi, n’iminwa yiwe kuvuga ibinyoma.


Mwa bana b’inzoka mwe, mbega mwovuga ivyiza mute kandi muri babi? Erega ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.


ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


“Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite