Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 14:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Uwundi mumarayika asohoka avuye mu rusengero mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise umuhoro ukarishe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 14:17
7 Referans Kwoze  

Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende, musuke uburake bw’Imana buri mu nzavya indwi kw’isi.”


Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Nuko umwe yicaye ku gicu aca acisha umuhoro wiwe kw’isi, maze isi yose irimburwa.


Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite