Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ca gikoko gica cemererwa kuvuga amajambo y’ubwibone yo gucokora Imana, congera gihabwa n’uburenganzira bwo kumara amezi mirongo ine n’abiri gikora ivyo kigomba vyose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:5
17 Referans Kwoze  

Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.


Wa mugore aca ahabwa amababa nk’ay’inkona nini kugira ngo agurukire mu kibanza yateguriwe mu bugararwa ngo ahamare imyaka itatu n’igice agaburirirwayo, kure ya ca kiyoka.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka.


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite