Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikōko ububasha bgaco; batazira na kino gikōko bagisenga, bati Ni nde ahwanye n’iki gikōko, kandi ni nde ashobora kukirwanya?

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:4
18 Referans Kwoze  

Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.


Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”


Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.


Hanyuma nca mbona ikindi gikoko gisokorotse kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri ameze nk’ay’intama, ariko cavuga nk’igisato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite