Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 13:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 “Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 13:10
29 Referans Kwoze  

Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Nimwashobora kwihangana muzorokora ubugingo bwanyu.


Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.


Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.


Yesu aramubwira ati: “Subiza inkota yawe mu rwubati! Kuko abicisha inkota na bo bazokwicishwa inkota.


Basheshe amaraso y’abera bawe n’abavugishwa bawe, none ubahaye amaraso ngo banywe. Ni yo mpera bakwiriye.”


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ukwitanga kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko ibikorwa vyawe vy’ubu biruta mu bwinshi ivyo wakora mu ntango.


Turanabasengera ngo mukomezwe n’ubushobozi bwose bw’ubwiza bwiwe, kugira ngo mushobore kwihanganira vyose no kurindirana umunezero,


Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Kirya gikoko cabayeho ariko ubu kikaba kitariho ni umwami agira umunani. Ni umwe muri bamwe indwi kandi na we nyene agiye kuranduka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite