8 Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.
8 Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka.
Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.
Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.
kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.”
Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.
Maze haduka intambara mw’ijuru. Mikayeli n’abamarayika biwe bagwanya ca gisato. Ca gisato na co n’abamarayika baco barabagwanya.
Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.
Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.