Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:4
22 Referans Kwoze  

Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Ububasha bw’ayo mafarasi bwari mu kanwa no mu mirizo vyayo; kuko imirizo yayo yari ifise imitwe nk’iy’inzoka kandi yari ifise ububasha bwo gukomeretsa abantu.


Zari zifise imirizo ikomora nk’iya sikoropiyo kandi ububasha bwo kubabaza abantu amezi atanu bwari mu mirizo yazo.


Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”


Umumarayika wa kabiri avugije inzamba yiwe, ikintu kimeze nk’umusozi waka umuriro, gitabwa mu kiyaga. Maze ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso,


Ica gatatu c’ibiba mu kiyaga bica birapfa, n’ica gatatu c’ubwato burasambuka.


Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.


Izina ry’ico kinyenyeri ni Mururazi. Maze ica gatatu c’amazi yose aca ahinduka umururazi, kandi abantu benshi banyoye ayo mazi y’umururazi barapfa.


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Maze haduka intambara mw’ijuru. Mikayeli n’abamarayika biwe bagwanya ca gisato. Ca gisato na co n’abamarayika baco barabagwanya.


Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.


Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”


Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.


Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite