Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Uwo mugore yari yibungenze kandi yari mu mubabaro nk’uwugira yibaruke.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kandi yar’ akuriwe, atura akaborogo, kukw aramutswe, ababazwa n’ibise.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:2
12 Referans Kwoze  

Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi.


Kuko handitswe ngo: “Nezerwa, mugore w’ingumba, wewe utavyaye abana; turikisha usemerere n’umunezero, wewe utigeze utera ibise; kuko abana b’umugore w’intabwa bazoba benshi gusumba ab’uwufise umugabo.”


Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite