Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:17
26 Referans Kwoze  

Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro.


na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose ku bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.


Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Ikitwereka ko dukunda abana b’Imana ni urukundo dukunda Imana no kwitondera amabwirizwa yayo.


Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.


Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo zikoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ariko isi ica ifasha wa mugore, irasama imira rwa ruzi rwava mu kanwa ka ca gisato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite