Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 12:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nca numva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Noneho agakiza, ububasha n’Ubwami vy’Imana yacu, n’ubushobozi bwa Kristo wayo vyashitse. Kuko umurezi wa bene Data, uwabarega imbere y’Imana yacu ijoro n’umurango yakororewe hasi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 12:10
24 Referans Kwoze  

Simoni, Simoni, umviriza! Satani yabasavye kugira ngo abagosore nk’uwugosora ingano.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.


ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.” Ni co gituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.


Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti: ‘Data, izina ryawe niryubahwe, Ubwami bwawe nibuze.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe,


Baca basemerera n’ijwi rirenga bati: Agakiza ni ak’Imana yacu, yicaye ku ntebe y’inganji, n’Umwagazi w’intama.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite