Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:7
20 Referans Kwoze  

Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abarwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.


Hanyuma nca mbona ikindi gikoko gisokorotse kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri ameze nk’ay’intama, ariko cavuga nk’igisato.


Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana.


Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.


Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite