Ivyahishuwe 11:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe3 Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.” Gade chapit laBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira. Gade chapit la |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.