Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:3
43 Referans Kwoze  

Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Ca gikoko gica cemererwa kuvuga amajambo y’ubwibone yo gucokora Imana, congera gihabwa n’uburenganzira bwo kumara amezi mirongo ine n’abiri gikora ivyo kigomba vyose.


hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu.


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Namwe muri ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.”


Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.


Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha,


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Yohana arabishura ati: “Nta co muntu ashobora kuronka atagihawe kivuye mw’ijuru ku Mana.


“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Bafise ububasha bwo kwugara ikirere kugira ngo imvura ntigwe, igihe cose bazoba bariko baravugishwa; kandi bafise ububasha bwo guhindura amazi amaraso no guteza isi ivyago igihe cose uko babigomvye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite