Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:19
33 Referans Kwoze  

Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba.


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Ubwo nyene haca haboneka imiravyo, humvikana urwamo rwinshi, imituragaro na nyamugigima ikomeye itari yigere kubaho kuva abantu babaho kw’isi. Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba cane.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.


Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”


Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.


Maze haboneka ikimenyetso gihambaye mw’ijuru, c’umugore yambaye izuba, ukwezi kuri musi y’ibirenge vyiwe, afise n’urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri ku mutwe.


Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende, musuke uburake bw’Imana buri mu nzavya indwi kw’isi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite