Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ba bashingantahe mirongo ibiri na bane bicaye ku ntebe zabo imbere y’Imana baca bikubita hasi bubamye, bahimbaza Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:16
7 Referans Kwoze  

Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Abamarayika bose bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’inganji na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine. Baca bagwa bubamye imbere y’intebe y’inganji, basenga Imana


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite