Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Hanyuma humvikana ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Nimuduge muze hano!” Nuko baduga mu gicu baja mw’ijuru abansi babo babaraba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:12
21 Referans Kwoze  

Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”


Ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru bamuraba, haza igicu kiramufuka, ntibaba bakimubona.


Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.


Uwo mugore aca avyara umwana w’umuhungu, kandi uwo azotwazanya umukazo amahanga. Uwo mwana aca arasahurwa ajanwa mw’ijuru ku Mana, hafi y’intebe y’inganji yayo.


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite