Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ariko inyuma y’imisi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima iva ku Mana ibinjiramwo, baca barahaguruka kandi ababibonye bose bafatwa n’ubwoba bwinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Iyo misi itatu n’igihimba ishize impwemu z’ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara: ubgoba bginshi butera ababarāba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:11
11 Referans Kwoze  

Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Kumara imisi itatu n’igice, abantu bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose bazokwihweza imivyimba yabo kandi nta n’umwe bazokwemerera kubahamba.


Ananiya acumva ivyo, agwa hasi arahwera. Abavyumvise ibibaye bose batekerwa n’ubwoba.


Ishengero ryose n’abumvise ivyabaye bose baca bafatwa n’ubwoba bwinshi.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite