Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 11:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abari mw isi bazonezerwa, bazobītamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kukw abo bavugishwa n’Imana bātoneka abari mw isi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 11:10
29 Referans Kwoze  

Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.


Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri.


Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero.


Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo,


Ca gisato kimaze kubona ko cakororewe kw’isi, gica gikurikirana wa mugore yavyara wa mwana w’umuhungu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite