Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:6
14 Referans Kwoze  

“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


None rero nimunezerwe mwa majuru, hamwe namwe ibiyabamwo mwese. Ariko haragowe isi n’ibiyaga, kuko wa mubi yabikororewemwo! Yuzuye uburake bwinshi, kuko azi ko asigaje igihe gito.”


Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite