Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 10:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga n’i musozi, aca aduza ikiganza ciwe c’i buryo akirabisha kw’ijuru.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n’i musozi, amanika ukuboko kw’i buryo, agutunga mw ijuru,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 10:5
29 Referans Kwoze  

Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”


Yari afise umuzingo w’igitabu mutoya wuguruye mu kiganza ciwe. Aca ashinga ikirenge ciwe c’i buryo ku kiyaga, ic’i bubamfu agishinga i musozi.


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


“Mbega bagenzi, ivyo bintu mubikorera iki? Erega turi abantu nka mwebwe! Twabazaniye Ubutumwa Bwiza, bubabwira guhindukira mukava mu bitagira ikimazi, mukaza ku Mana nzima, yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibibibamwo vyose.


Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Igihe Imana yaha isezerano Aburahamu, yarahiye mw’izina ryayo kuko ata rindi zina ry’uwundi muntu ayiruta yari kurahiramwo.


Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.


Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo: ic’imana itazwi. None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite