Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:6
23 Referans Kwoze  

Wabagize abami n’abaherezi bo gukorera Imana yacu, kandi bazoganza kw’isi.”


Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


“Urabereye, Mwami Imana yacu, kwakira icubahiro n’ububasha kuko ari wewe waremye vyose, ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho, biraremwa.”


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami, kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.


kugira ngo mwese hamwe muhimbaze Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo n’umutima umwe n’ijwi rimwe.


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


Ubushobozi ni ubwayo ibihe bidashira. Amen.


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite