Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:17
30 Referans Kwoze  

Ndi Alufa na Omega, uwa Mbere n’uwa Nyuma, Intango n’Iherezo.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Ba barinzi b’imva ya Yesu bagira ubwoba bwinshi ku buryo bamera nk’abapfuye.


Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”)


Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.


Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”


Umumarayika abwira abo bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe.


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite