Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 1:10
13 Referans Kwoze  

Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.


Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Ku musi wa mbere w’indwi, umwe wese muri mwebwe arabika amahera ku yo yungutse. Ntimuzorindire ko nshika hiyo hanyuma ngo muce muyatoreza rimwe.


Ku mugoroba w’uwo musi, ari wo musi wa mbere w’indwi, abigishwa bari bakoraniye hamwe biyugaranye kuko batinya abakuru b’Abayuda. Maze Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:


Haheze indwi, abigishwa ba Yesu basubira gukoranira hamwe mu nzu, kandi na Toma yari kumwe na bo. Imiryango y’inzu yari yugaye, ariko Yesu araza ahagarara hagati yabo, arababwira ati: “Amahoro abane namwe!”


Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: “Yesu ni ikivume,” kandi nta wovuga ati: “Yesu ni Umwami,” kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite