Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 5:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yemwe abagomba gutsindanishirizwa n’ivyagezwe, erega muhinduye ubusa gufatana na Kristo kwanyu, muratemvye muretse ubuntu bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 5:4
15 Referans Kwoze  

Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko nimba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.


Muvyumve neza! Jewe Pawulo, ndababwiye nti: Nimba mwizeye ko ugukebwa kwanyu kubaha ukugororoka imbere y’Imana, kuri mwebwe Kristo nta co azoba amaze na gatoya.


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite