Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ndongeye kandi ndabibabwiye. Nimba mugomba gukebwa kugira ngo mwemerwe n’Imana, mutegerezwa kwitondera no gukurikiza ivyagezwe vya Mose vyose ata na kimwe kivuyemwo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kandi ndabarira umuntu wese akebga, mbishingiye intahe, yukw ari n’umwenda wo kwitondera ivyagezwe vyose.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 5:3
19 Referans Kwoze  

Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”


Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Muravuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira igicaniro, ariko mukavuga ko uwurahiye ku kimazi kiri ku gicaniro aba yibohesheje iyo ndahiro.’


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako.


Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.


Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.”


Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’


Yemwe ndongozi zihumye, muzobona ibara kuko muvuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero rw’Imana, ariko kandi mukavuga ko uwurahiye inzahabu ziri mu rusengero aba yibohesheje iyo ndahiro.’


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Muvyumve neza! Jewe Pawulo, ndababwiye nti: Nimba mwizeye ko ugukebwa kwanyu kubaha ukugororoka imbere y’Imana, kuri mwebwe Kristo nta co azoba amaze na gatoya.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite