Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 5:1
42 Referans Kwoze  

Umwami ni we Mpwemu, kandi aho Mpwemu w’Imana ari haba umwidegemvyo.


Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.


Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.


Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Ariko ubu ko mwamenye Imana, na canecane ko mwamenywe na yo, ni kuki mwasubiye muri ivyo bintu vy’intege nke vy’urufatiro kandi ata co bimaze. Mugomba gusubira kwongera kuba abaja b’iyo migenzo ukundi?


Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


None rero bene Data, ntituri abana b’umuguranokazi, turi abana b’uwidegemvya!


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Ubu ivyagezwe ntibikituboshe, kuko twapfuye kuri vyo bikaba bitakituganza. Nuko rero dushobora gukorera Imana, atari muri bwa buryo bwa kera bwo kwumvira ivyagezwe vyanditse, ariko mu buryo bushasha bwo kuba muri Mpwemu.


Ubu mwarabohowe ntimukiri abagurano b’icaha, ahubwo mwahindutse abagurano bo kugororoka.


None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?


Kuko uwahamagawe n’Umwami ari umugurano aba abaye uwidegemvya mu Mwami, kandi uwahamagawe n’Umwami yidegemvya aba abaye umugurano wa Kristo.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.


Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka,


uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.


None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.


Kumenya ko muhagaze mutanyiganyiga mu Mwami bisubiza intege mu buzima bwacu.


Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.


None rero ko ukwizera kwabonetse, ntitukirezwe n’ivyagezwe.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Bafata imitwaro iremereye y’amategeko y’idini bakayikoreza abantu ariko bobo ntibanayikozako urutoke.


Bishitse akarongorwa n’uwundi mugabo kandi uwa mbere akiriho, bamwita umusambanyikazi. Ariko iyo umugabo wiwe wa mbere apfuye, amategeko ntaba akimubuza kurongorwa n’uwundi mugabo, kandi iyo abikoze ntaba asambanye.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.


Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite