Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,

Gade chapit la Kopi




Galatiya 4:4
44 Referans Kwoze  

Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


ati: “Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza.”


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.


maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Arabishura ati: “Si ivyanyu kumenya ivy’ibihe n’imisi kuko Data ari we yabishizeho mu bubasha bwiwe.


Raba ugiye gusama inda, maze uvyare umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.


Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.


Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


ahindura ubusa icanditswe catwagiriza kandi cadutsindisha; agikuraho, akibamba ku musaraba.


Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho ivyagezwe vya Mose n’Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa.


Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.


Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.


None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite