Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ariko abizeye ko bazokizwa n’ivyagezwe bari musi y’umuvumo, kuko handitswe ngo: “Aravumwe umuntu adakurikiza ivyanditswe vyose mu gitabu c’ivyagezwe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe, ngw avyitondere.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 3:10
18 Referans Kwoze  

Kuko abaganzwa na kamere k’icaha ni abansi b’Imana. Ntibumvira ivyagezwe vyayo, kandi nta bushobozi bafise bwo kuvyumvira.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite