Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kuko uko Imana yariko ikorera muri Petero nk’intumwa mu Bayuda ni ko yariko ikorera muri jewe nk’intumwa mu Banyamahanga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kukw Iyashoboje Petero gutumwa ku bākebge, ari yo yanshoboje nanje gutumwa ku banyamahanga.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 2:8
23 Referans Kwoze  

Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Pawulo arabaramutsa, abiganira ido n’ido ry’ivyo Imana yamukoresheje mu Banyamahanga mu gikorwa ciwe.


Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.


Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.


Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.


kugira ngo abandanye iki gikorwa c’intumwa, ico Yuda yataye akaja ukwiwe.”


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.


Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite