Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko igikorwa nakoze muri kahise n’ico ndiko ndakora ubu bitari ivy’ubusa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi nadūzeyo kubgo guhishurirwa, mbashira imbere ubutumwa bgiza mvuga mu banyamahanga, ariko mbushira imbere y’abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 2:2
26 Referans Kwoze  

Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.


Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa.


Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ibipfunsi ahusha uwo bagwana.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.


Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.


Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we,


kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,


Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.


Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Nuko rero, ni Imana ihitamwo uwo igirira imbabazi. Ntidushobora kubihitamwo canke ngo tubikorere.


Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.


Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,


Sinabuhawe n’umuntu n’umwe, kandi si ubwo nigishijwe. Ariko, naburonse ndabuhishuriwe na Yesu Kristo.


Mwariko mugenda neza mu rugendo rwanyu. None ni nde yabatangiriye akababuza kwumvira ukuri?


Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye kwiyambura ibintu vyose bituboha bikatubuza kubandanya hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze dusiganwe n’umwete mw’ihiganwa Imana yashize imbere yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite