Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 2:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma, haciye imyaka cumi n’ine, naciye nsubira ndaduga i Yerusalemu, ariko ico gihe twari kumwe na Baranaba, kandi na Tito twarajanye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze hahise imyaka cumi n’ine, nongera kudūgana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 2:1
20 Referans Kwoze  

Ariko, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)


Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.


Hanyuma, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.


Nayo Tito we, ni umugenzi dufatanije igikorwa muri mwebwe; abo bandi bene Data na bo, ni intumwa z’amashengero, kandi bubaha Kristo.


Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.


Canke ni jewe na Baranaba dutegerezwa gukora twenyene kugira ngo twitunge?


Ni co gituma twumvikanye gutoranyamwo abo dutuma, bazananye na bene Data dukunda cane, ari bo Baranaba na Pawulo,


Baranaba bamwita Zeyusi, Pawulo na we bamwita Heremesi, kuko ari we yigisha kenshi.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Baranaba na Sawuli baheraheza igikorwa cabo, bagaruka i Yerusalemu, baza bazananye na Yohana, ari we Mariko.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Inyuma y’aho Barunanaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli.


Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite