Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Galatiya 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kand’ ata bundi buriho; ariko harih’ abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bga Kristo.

Gade chapit la Kopi




Galatiya 1:7
38 Referans Kwoze  

Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


Nizeye ko Imana izobarinda kwakira inyigisho zitari zo. Abariko babatera ukwo kuzazanirwa uko bari kwose bazobihanirwa.


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Icompa abo babateramwo imivurungano, ngo mukebwe, bakagera aho bonyene bikona ubwabo.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Aca agikororera i kuzimu, acugaranirayo, kugira ngo ntikibandanye kizimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Ariko inyuma y’iyo myaka kizorekurwa akanya gatoya.


Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.


Ariko hari ico ushimirwa: wanse ibikorwa vy’Abanikolayite, nkuko nanje ndavyanka.


Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.


Bataye inzira y’ukuri, bigisha ko izuka ry’abapfuye ryamaze kuba, maze basambura ukwizera kwa bamwe.


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Abo bigisha b’ibinyoma babafitiye ishaka ryinshi, ariko intumbero yabo si nziza na mba. Ico bashaka ni ukubadukurako kugira ngo abe ari bo mukurikira.


Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite