Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ivyo mwize, ivyo mwākiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:9
36 Referans Kwoze  

Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.


Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.


Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.


Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.


Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.


Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira?


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Abampamagara bose ngo: Mwami, Mwami, si bo bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.


Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen.


Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”


Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.”


Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,


Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.


Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”


Umwami Imana abane n’impwemu yawe. Ubuntu bubane namwe mwese.


kuko Imana yacu atari Imana y’akajagari, ariko ari Imana y’amahoro, nk’uko bigenda mu mashengero yose y’abera.


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.


“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).


Ndabinginga rero ngo munyigane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite