2 Ndinginze Ewodiya na Sintike ngo basubize hamwe mu Mwami.
2 Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.
Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire ibiranga umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro.”
Mububahe n’imitima yanyu yose mu rukundo ku bw’igikorwa cabo. Mubane amahoro.
Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.