Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 4:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Simbivuze kubg’ ubukene, kuko nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose.

Gade chapit la Kopi




Filipi 4:11
13 Referans Kwoze  

Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.


Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite