Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:6
25 Referans Kwoze  

Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’Ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa n’ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Ni ukugororoka kuva ku Mana, kandi ukwo na kwo kuva ku kwizera.


Koko ndi uwa nyuma mu ntumwa kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.


Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa.


Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu.


Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite