Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Filipi 3:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, wo mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri, ku bijanye n’ivyagezwe, ndi Umufarisayo,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo;

Gade chapit la Kopi




Filipi 3:5
16 Referans Kwoze  

Ni Abaheburayo? Nanje ndi we. Ni Abisirayeli? Nanje ndi we. Ni abana ba Aburahamu? Nanje ndi we.


Ndongera nkibaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini.


Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.”


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Umwana amaze imisi umunani, bamujana kumukeba. Bagira bamwite izina rya se Zakariya,


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Ku musi ugira umunani, wa mwana amaze gukebwa, bamwita Yesu, nk’uko umumarayika yari yarabwiye Mariya imbere y’uko asama inda yiwe.


Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite